Naturopathe Rupeshi
Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Naturopathe Rupeshi, Health/Beauty, Avenue du commerce, Bujumbura.
🔴 Éducation A la santé Naturelle
🔴 Prévenir et soigner naturellement grâce aux plantes,à l hygiène de vie et à la sagesse ancestrale
🔴 Présentation des remèdes naturels qui soignent vraiment
🔴 Conseils Nutritionnels
🔴 Humour
30/08/2026
UBUVŪZI KĀMÁ : IKINYÕBWA KIDASĀNZWE MU KUVŪRA UMUTWÉ WĀMÁ UMÉNETSE HAMWÉ N'ÍBIZÛNGUZÛNGU
-----------------------------------------------------------------------------
Ikinyobwa co gufasha ku barwara umutwe cane (migraine) n'abakunda kuzungurirwa(vertige).
Woba ukunda kuzungurirwa no kugira umutwe ukubabaza cane?
Woba rimwe na rimwe wumva utakaza inguvu igihe uriko uratambuka,ukumva nk'aho ushobora kugwa?
Ehe hari ikinyobwa c'ibimera gishobora gufasha mu gutuma wumva umerewe neza.
▪️ UKO BITEGURWA
➡️ Fata akayiko kamwe gatoyi ka poudre ya curcuma.
➡️ Shiramwo kandi akayiko kamwe gatoyi ka poudre ya kanela (cannelle).
➡️ Ongeremwo umutobe mukeyi wa tangawizi.
➡️ Bivange mu gice c'ikirahure c'amazi asusurutse.
➡️ Ongeremwo umutobe w'igice c'indimu 🍋.
➡️ Bivange neza, hanyuma unywe igice c'ikirahure c'iyi mvange mu gitondo no ku mugoroba, mu kiringo c'indwi imwe. Uzōsigara utangara kubw'ubushobozi Imana Yashize mu bimera .
⚠️ Iciyumviro: kuzungurirwa hamwe no kwamana umutwé umenetse bishobora guterwa n'indwara zitandukanye. Niba bikomeza, bikabije canke biherekejwe n'ibimenyetso nk'ububabare bukomeye cane bw'umubiri, kubura inguvu, canke kutabona neza, ni vyiza kwihutira kubonana n'umuganga.
Fyonda tumenyé kwîvūra...
🛑 Kwinjira muri groupe WhatsApp 👇 bigufasha kumenya imiti k**a itandukanye iteguye neza wokwihereza bikakuviramwo gukira uburwayi bwawe.
Fyonda mwiyo link winjire vyoroshe 👇🏽👇🏽
https://chat.whatsapp.com/BvKwr8IVcFjBcS4z239hFy?s=cl&p=a&ilr=4
Votre Opérateur Social, Anthropologue-Naturopathe RUPESHI YAMÚREMYE ✍️
26/08/2026
URUHÁRA RW'ÎSÚKÃRI MU KUDÛZA IBIRO
Iyo urya canke unywa ikintu kirimwo isukari nyinshi, urugero rw’isukari mu maraso yawe ruraduga.
Kugira ngo isukari yo mu maraso ntiduge cane, umubiri uravoma amazi ari mu turemangingo no mu bice vy’umubiri, kugira wongere ubwinshi bw’amaraso maze ayo mazi afashe kugabanya ubwinshi bw’isukari iri mu maraso.
Ivyo bituma uturemangingo dutakaza amazi, hanyuma tukarungikira ubutumwa ubwonko tuvuga duti: « Duhe amazi! »
Ikibazo ni uko inyota ishobora kwitiranywa n’inzara.
Ni co gituma, aho kunywa amazi, umuntu ashobora kwiyumvira ko ashonje, maze akongera kurya. Uko turya cane kenshi Niko bishobora gutera iyongerekana ry'umuvyibuho ukabije .
Ni ko bigenda no ku binyobwa birimwo isukari nyinshi.
Ntibimara inyota neza, kuko isukari nyinshi ishobora gutuma umubiri usaba amazi menshi. Ivyo bigatuma umuntu anywa cane kandi akongerereza umubiri calories nyinshi ibinure navyó bigashishikara kwirundarundaniriza mu mubiri.
Kugira wirinde kwiyongera ibiro birenze urugero, ni vyiza kutarya isukari kenshi kandi ukirinda kuyifata ku bwinshi.
suivre dushishikare kwiga.
🛑 Kwinjira muri groupe WhatsApp 👇 bigufasha kumenya imiti k**a itandukanye iteguye neza wokwihereza bikakuviramwo gukira uburwayi bwawe.
Fyonda mwiyo link winjire vyoroshe.
https://chat.whatsapp.com/BvKwr8IVcFjBcS4z239hFy?s=cl&p=a&ilr=4
Votre Opérateur Social, Anthropologue-Naturopathe RUPESHI ✍️
26/08/2026
UBUVŪZI KĀMÁ : IVYÓ WŌFŪNGURA BIKAGUFASHA GUKĪNGIRA AMAFYÍGO
1. Amazi 💧
Amazi afasha amafyigo gukura imyanda mu mubiri biciye mu nkari.
Gerageza kunywa amazi kenshi, kiretse iyo muganga yakubwiye kugabanya amazi unywa.
2. POMME
Pomme zifise utubumbe (fibres) kandi ni icamwa coroshe kwinjiza mu mirire ibereye umuntu yitwararika amagara y’amafyigo.
3. Ama chou 🥬
Ama chou arimwo potassium nkeya kandi itanga vitamine hamwe na fbres. Ni co gituma ari imboga nziza ku bantu bitwararika amagara y'amafyigo.
4. Ifi 🐟
Amafi nka saumon, sardine na maquereau aratanga proteyine hamwe n’amavuta meza ya Omega-3, afasha umubiri gukora neza.
5. Tungurusumu 🧄
Tungurusumu ituma ibifungurwa biryoha utarinze gukoresha umunyu mwinshi. Ivyo ni ngirak**aro kuko umunyu mwinshi ushobora gutuma umuvuduko w’amaraso uduga kandi amazi akaguma ari menshi mu mubiri.
6. Ibitunguru 🧅
Ibitunguru na vyo bituma ibifungurwa biryoha, bigafasha kugabanya gukoresha umunyu mwinshi n’ibindi birungo birimwo umunyu.
7. Amavuta ya elayo 🫒
Aya mavuta arimwo amavuta meza kandi ashobora gukoreshwa mu guteka canke mu gutegura ibifungurwa, mu kibanza c’amavuta amwe amwe arimwo amavuta yuzuye menshi.
8. Ibinyampeke bitatunganijwe cane 🌾
Ibifungurwa nka avoine n’umuceri w’umuhondo (riz brun) birimwo ama fibres kandi bishobora kuba igice c’imirire ibereye kandi iringaniye.
‼️ Nimba usanzwe ufise indwara y’amafyigo, nta funguro na rimwe ryitwa “umuti w’ampyiko” rikwiranye n’abantu bose.
Bivanye n’ingene amafyigo yawe akora, ushobora gusabwa kugenzura ingene ufata potassium, phosphore, umunyu (sodium), proteyine canke amazi.
‼️ Ntukigere ukoresha imfungurway’uwundi muntu nk’uko iri.
Muganga canke umuhinga mu vy’imirire arashobora kugufasha guhitamwo ibifungurwa bihuye n’ingene amafyigo yawe akora hamwe n’ibisubizo vy’ibipimo vy’amaraso yawe.
‼️ Kugira amafyigo yawe agume akingiwe ntibiva ku mirire gusa.
Ni ngirak**aro kandi:
✅️ Kugumya umuvuduko w’amaraso hamwe n’isukari yo mu maraso biri ku rugero rwiza.
✅️ Kwirinda gukoresha imiti igabanya ububabare (anti-douleurs) ata nkenerwa.
✅️ Kugira imyimenyerezo ngororamubiri no kuguma ufise ubu*ima bukora.
Amagara meza y’ampyiko atangurira ku mirire ibereye, ariko imirire ikwiye umuntu arwaye amafyigo igomba gutegurwa hisunzwe uko amafyigo yiwe akora.
🛑 Kwinjira muri groupe WhatsApp 👇 bigufasha kumenya imiti k**a itandukanye iteguye neza wokwihereza bikakuviramwo gukira uburwayi bwawe.
Fyonda mwiyo link winjire vyoroshe 👇🏽👇🏽👇🏽
https://chat.whatsapp.com/BvKwr8IVcFjBcS4z239hFy?s=cl&p=a&ilr=4
Votre Opérateur Social, Anthropologue-Naturopathe RUPESHI ✍️
22/08/2026
UBUVŪZI KĀMÁ : AKAMARO GATĀNGÂJE K'ÂMÂZI YA GŌMBO — IBĀNGA RY’ÁBŨBAKANYE❤️
------------------------------------------------------------------------------------
Abenshi bazi KO gombo ari umuti w'abagore gusa Aho usanzwe wifashishwa Ku bagore bakena amavangingo(sécheresse vaginale) yamará ni Nziza no kubagabo .
Gombo ni imboga zishobora gufasha mu bu*ima bw’imyororokere. Uretse gukoreshwa mu guteka, gombo irafasha ku bijanye n’irondoka kubagabo n’abagore.
Gombo ifasha umubiri mu gukora imisemburo ijanye n’ubugabo (testostérone), kandi igafasha mu gutanga inguvu no guteza imbere amagara y’intanga ngabo. Ni ikiribwa ciza gishobora gufasha mu bu*ima bw’intanga no mu bijanye n’irondoka kubagabo .
▪️ UKO WOKORESHA AMAZI YA GOMBO
♻️Ushobora kurya gombo itetswe mu mfunguro, canke ugafata gombo 4, ukazikatamwo uduce hanyuma ukayishira mw'ilitiro 1,5 z’amazi ijoro ryose.
Mu gitondo, yungurura ayo mazi, hanyuma uyanywe utararya.
Ushobora kubikora mu gihe c’indwi 2 canke 3, canke ukabandanya gushika Ku kwezi.
⚠️ NB: Gombo ni ikiribwa gifise intungamubiri kandi ni igice c’imirire ibereye umuntu afise diyabete. Amazi ya gombo kandi ashobora kuvura indwara, gukemura ibibazo vyo kudasama, kurinda gusohora intanga ningoga(mu gihe co kurangura amabanga y'abubatse)canke kuvura ikibazo co kubura ubushobozi bwo guhuza ibitsina.
✴️Ibiméra bibitse amabanga menshi n'ububasha budasanzwe Ku magara yacu .
🛑Kwinjira muri groupe WhatsApp 👇 bigufasha kumenya imiti k**a itandukanye iteguye neza wokwihereza bikakuviramwo gukira uburwayi bwawe.
Fyonda mwiyo link winjire vyoroshe 👇🏽👇🏽https://chat.whatsapp.com/BvKwr8IVcFjBcS4z239hFy?s=cl&p=a&ilr=4
Votre Opérateur Social, Anthropologue-Naturopathe RUPESHI ✍️
19/08/2026
UBUVŪZI KĀMÁ : NG'ŪYÚ UMUTÍ WŌGUFASHA MU GIHE BIKUGÕRA GUSŌBA .
-------------------------------------------------------------------
Nimba ugira ingorane zo kwihagarika(kuja Ku mwanda muto) canke kugira p**i, ukabona utegerezwa guhatiriza(kwikanira) ku nguvu kugira ngo amasobe asohoke, bishobora guterwa no kuvyimba canke gufungana kw’inzira z’amasobe, kuba hari utubuye two mu nkari, prostate yavyimvye, canke ubwandu bw’inzira z’inkari(amasobe).
Rondera :
👉 Amababi 7 y’igiti c'umwembe(manguier), atari Amababi mashasha.
👉 Udushurwe 7–11 dusanga indani mu mwânāná w'ígitōke (fleurs de bananier).
♻️ UKO BITEGURWA:
Teka mw'i litiro 1 y’amazi amababi y’umwembe hamwe n’udushurwe tw’umwanana bimare iminota 10 ku ziko.
Bireke bihore, hanyuma unywe igikombe kimwe ☕ mu gitondo ikindi ku mugoroba, mu minsi 11 ikurikirana.
⚠️ NB: Udushurwe tw'umwanana w'ígitōke dufasha mu gusukura inzira z’inkari(amasobe)no gufasha gusohora utubuye(Cailloux).
Fyonda suivre Twige kwîvūra..
🛑Kwinjira muri groupe WhatsApp 👇 👇 bigufasha kumenya imiti k**a itandukanye iteguye neza wokwihereza bikakuviramwo gukira uburwayi bwawe.
Fyonda mwiyo link winjire vyoroshe 👇🏽👇🏽
https://chat.whatsapp.com/BvKwr8IVcFjBcS4z239hFy?s=cl&p=a&ilr=4&amv=0
Votre Opérateur Social, Anthropologue-Naturopathe RUPESHI ✍️
12/08/2026
UBUVŪZI KĀMÁ : AMATÊKÁ Y'ISHU RIBISI(choux)
----------------------------------------------------------
Wari u*i ko ishu ribisi rishobora kugufasha gukira no kwirinda indwara nyinshi cane ?
Gufungura Ishu (Chou) rikiri ribisi bifise ak**aro kanini kuko uheza ukaronka Ama vitamines yaryo yose n'ivyankenerwa vyayo bishobora gutakara mu gihe Riri Ku ziko kuko harimwo ibitinya umuriro n'ubushuhe .
✨ Ivyo rishobora kugufasha :
➡️Kubera vitamine C irimwo Rikomeza abasirikare b’umubiri (immunity), bigatuma umubiri ugira ubudahangarwa bikarinda kurwaragurika,
➡️ Ntugwara indwara z’ibihe vyinshi,
➡️ Ifasha mu ndwara zo mu mushish*to (gastrite, ulcère)
➡️ Riruhura ububabare bwo mu nda
➡️Rirwanya kugumbiza(constipation)
➡️ Rituma umushish*to ukora neza.
➡️ Rifasha umutima gukora neza.
➡️ Risukura amaraso
➡️ Rifasha kugabanya ibiro
➡️ Rituma wumva wahaze vuba,
➡️Rituma Uruhu rusa neza, uduherehere(acné) zikagabanuka
Niwaramuka ufunguye ishu ribisi buri musi, ushobora kubona impinduka mu mubiri wawe mu minsi mike gusa !
🍽️ UKO WORIKORESHA : ↪️Kata neza uyivange na karoti + indimu 🍋
↪️ Canke uyirye uko iri, ariko wabanje kuyironga neza.
⚠️ ICITONDERWA : Ntukarenze urugero cane cane nimba ufise ingorane za thyroïde
Fyonda Tumenyé kwîvūra...
🛑 Kwinjira muri groupe WhatsApp 👇👇 bigufasha kumenya imiti k**a itandukanye iteguye neza wokwihereza bikakuviramwo gukira uburwayi bwawe.
Fyonda mwiyo link winjire vyoroshe👇🏽👇🏽https://chat.whatsapp.com/BvKwr8IVcFjBcS4z239hFy?s=cl&p=a&ilr=4&amv=0
Votre Opérateur Social Anthropologue-Naturopathe RUPESHI ✍️
11/08/2026
UBUVŪZI KĀMÁ : AKAMARO K'ÍBISHÍSHWA VY'ÍMICÛNGWÉ .
--------------------------------------------------------------------
Turakunda imicungwe, ariko akenshi tujugunya ibishishwa vyayo… 😯
Ariko rero, igishishwa c’umucungwe kirashobora kugira ak**aro kanini ku mubiri, cane cane iyo umucungwe ari BIO canke batawupomfye imiti yica udukoko ivyo navyó bikaba BISHIKA gake.
Soma bimwebimwe mu vyiza vy’igishishwa c’umucungwe :
➡️ Gishobora gufasha mu kugabanya ibiro
Giciye mu buryo bw’icayi c’igishishwa c’umucungwe, kirashobora gufasha umubiri mu bikorwa vyawo vy’ugutunganya inguvu no gucungera ibinure.
➡️ Kirafasha mu kugabanya cholestérol.
Igishishwa c’umucungwe kirimwo hespéridine, ubwoko bwa flavonoïde bushobora kugira uruhara mu gucungera ibinure biri mu maraso.
➡️ Kirafasha amara gukora neza.
Igishishwa c’umucungwe kirimwo fibres zifasha mu mikorere myiza y’amara .
➡️ Kirimwo pectine.
Pectine ni ubwoko bwa fibre bushobora gufasha mu mikorere myiza y'ibikorwa vyo gusya imfungurwa, kandi bugafasha mu kugenzura urugero rw’isukari mu maraso.
➡️Kirafasha mu gusya neza imfungurwa.
Fibre ziri mu gishishwa c’umucungwe zirashobora gufasha mu gutuma amara akora neza no kugabanya ingorane zo kwituma bigoranye(constipation).
➡️ Kirimwo vitamine n’ibindi vyankenerwa bikingira umubiri.
Igishishwa c’umucungwe kirimwo vitamine n’ibindi binyabutabire bishobora gufasha mu gushigikira ubudahangarwa bw’umubiri.
➡️ Kirashobora gufasha abipfuza kugabanya ibiro.
Giciye mu ndya ibereye kandi hamwe n’imyimenyerezo ngororamubiri, icayi c’igishishwa c’umucungwe gishobora kuba kimwe mu bifasha mu rugendo rwo kugenzura ibiro.
WŌGIKORÊSHA GUTE?
🔀Fata ibishishwa vy’umucungwe uvyanikire neza, ubitegure nk’icayi. Ushobora kunywa ikirahure kimwe mu gitondo n’ikindi ku mugoroba.
⚠️ Menya neza : Nimba ukoresheje umucungwe utari BIO, koresha umucungwe waronze neza kandi wirinde ibishishwa vy’ivyamwa vyashizweko imiti myinshi.
Fyonda suivre Tumenyé kwîvūra...
🛑Kwinjira muri groupe WhatsApp 👇👇 bigufasha kumenya imiti k**a itandukanye iteguye neza wokwihereza bikakuviramwo gukira uburwayi bwawe.
Fyonda mwiyo link winjire vyoroshe 👇🏽👇🏽
https://chat.whatsapp.com/BvKwr8IVcFjBcS4z239hFy?s=cl&p=a&ilr=4&amv=0
Votre Opérateur Social, Anthropologue-Naturopathe RUPESHI ✍️
10/08/2026
UBUVŪZI KĀMÁ : UKÓ WŌKWĪVÛRA AGASÁHO K'ÍNDURWE ( ).
----------------------------------------------------------------------
🩻Urwagasha (pancréas) ni urugingo ruri munda, ruherereye inyuma y'umushish*to.
Rufasha mu gikorwa co kunoza imfungurwa no gushira isukari Ku rugero rwiza.
Imana niyo yaremye umubiri w'umuntu, ni nayo yaremye n'imfungurwa zihinduka zikaba n'umuti wo kuvura uwo mubiri iyo warwaye.
Ng'ibi ibiméra 3 wokwifashisha mu gihe Urwaye indurwe :
1️⃣ ARTICHAUT:
👉 Yongereza indurwe ku bagwaye igitigu kiyikeneye.
a) Igabanya Ibinure mu maraso;
b) Igabanya Isukari mu mubiri, ni co gituma ari ngirak**aro kubagwaye igisukari.
👉 Irafasha gusohora imyanda mu ruhago rw'umukoyo (Vessie).
2️⃣ RADIS
Radis nazo ni imboga.
👉 Radis Ivura igitigu.
1. Irwanya cane sinusite;
2. yongereza indurwe;
3. Yongereza ugukorwa kw'impindura y'igitigu, agasaho k' indurwe kagakora neza.
4. Ni umuti mwiza kubagwaye igitigu c'ubwoko bwose.
5. Ni Antibiyotike ku bagwaye:
a) Bronchite
b) Sinusite
c) Abibasiwe no gutumura itabi bashaka kurireka: igabanya ubumara bwaryo kubariko bariheba.
6) Radis Itera kugira akayabagu
3️⃣ PISSENLIT
a) Ni incuti magara y'igitigu n'amafyigo;
b) Yongera ubushobozi bwo kunoza indya;
c) Irakenewe :
1) ku gitigitu gifise indurwe nke;
2) Kubafise utubuye mu gasaho k'indurwe;
d) Pissenlit Irongereza umukoyo bigafasha gusohora imyanda mu mubiri.
📌 Ni gute twotegura iyi miti?
1️⃣ Isuku niryo ribanza muri vyose.
2️⃣Fata amababi ya Artichaut uyavange na Pissenlit, uvange kandi n'amagoma ya Radis.
Vyose bisye canke usekure ivyovamwo umutobe wuzuye agakombe k'icayi (tasse 1).
3️⃣ Uca unywa kamwe imbere yo kurya.
Fata iminsi 7/7, hanyuma uc'ufata indwi yindi ubikore iminsi 4/7.
Fyonda Tumenyé kwîvūra.
🛑 Kwinjira muri groupe WhatsApp 👇 bigufasha kumenya imiti k**a itandukanye iteguye neza wokwihereza bikakuviramwo gukira uburwayi bwawe.
Fyonda mwiyo link winjire vyoroshe : 👇🏽👇🏽
https://chat.whatsapp.com/BvKwr8IVcFjBcS4z239hFy?s=cl&p=a&ilr=4&amv=0
Votre Opérateur Social, Anthropologue-Naturopathe RUPESHI ✍️
10/08/2026
UBUVŪZI KĀMÁ : UKÓ WŌKWĪVÛRA IMPÍSWI(DIARRHÉE) MU MWÃNYA MUTÓ.
---------------------------------------------------------------------------------
Impiswi (Diarrhée)isobanurwa n’uko umuntu yituma incuro zitatu canke zirenga ku musi, kandi umwanda ukaba woroshe cane canke umeze nk’amazi, canke umuntu akituma incuro nyinshi kuruta uko asanzwe abikora.
Akenshi, impiswi ni ikimenyetso c’indwara ifata uburyo bw’ugusya ibifungurwa, nk’indwara y’umushish*to n’amara (gastro-entérite) ishobora guterwa na bagiteri, virusi canke parasite.
Ku buryo butandukanye n’ukwifunga mu nda, impiswi iterwa n’uko ibifungurwa bica mu mara ningoga cane. Umwanda ugizwe n’ibisigarira vy’ibifungurwa uca mu mara manini ningoga, bigatuma amazi n’ivyunyunyu bikwiye gukurwa muri uwo mwanda bitabasha gukurwamo neza nk’uko bigenda mu gusya ibifungurwa bisanzwe.
Akenshi, impiswi itangura giturumbuka iterwa na virusi. Amara amaze kwandura ashobora gusohora amazi menshi, akivanga n’ibifungurwa biriko birasya.
Ibindi bishobora gutera impiswi ni:
➡️Guhindura uburyo bwo gufungura;
➡️Umwitwarariko n’amaganya, cane cane mu ngendo;
➡️Imiti imwe imwe;
Ibifungurwa bimwe na bimwe;
➡️Rimwe rimwe , indwara zidakira z’amarara, ihindagurika ry’imisemburo, kudashobora kuyungurura neza ibintu bimwebimwe, canke amara agakora cane.
⏺️ UMUTI WA 1: Indimu 🍋 n’umucungwe 🍊
↪️Kanyura umutobe w’indimu 2 🍋 n’umucungwe 1 🍊, ubishire mu kirahure kimwe hanyuma unywe incuro 2 ku musi gushika impiswi itanguye kugabanuka.
⏺️ UMUTI WA 2: Amababi y’amapera
↪️Biriza amagarama 15 y’amababi y’amapera mw'i litiro 1 y’amazi. Unywe ayo mazi buhorobuhoro umusi wose.
⏺️ UMUTI WA 3: Amakara
↪️Sya amakara, uyashire mu kirahure c’amazi, hanyuma unywe.
Iyo yose ni imiti yogufasha guhagarika diarrhée vuba .
🔺IMPANURO : Iyo umuntu afise impiswi, ikintu gihambaye cane ni kunywa amazi menshi canke umuti wo gusubiza amazi n’ivyunyunyu (SRO/ORS) kugira ngo yirinde kubura amazi mu mubiri. Ku mwana, umuntu ashaje, canke iyo hari amaraso mu mwanda, umuriro mwinshi, kuruka cane, canke ibimenyetso vyo kubura amazi, hakenewe kwihutira kwa muganga.
Fyonda tubandanye twiga...
🛑 Kwinjira muri groupe WhatsApp 👇 👇 bigufasha kumenya imiti k**a iteguye neza wokwihereza bikakuviramwo gukira uburwayi bwawe.
Fyonda mwiyo link winjire vyoroshe 👇🏽👇🏽
https://chat.whatsapp.com/BvKwr8IVcFjBcS4z239hFy?s=cl&p=a&ilr=4&amv=0
Votre Opérateur Social, Anthropologue-Naturopathe RUPESHI ✍️
06/08/2026
UBUVŪZI KĀMÁ : NG'ĪKÍ IKINYÕBWA KIDASĀNZWE GIFISÉ UBUBÁSHA MU KUVŪRA UBUBABÁRE BWÓ MU GITÔNDO, ARTHROSE N'ÚBUBABÁRE BW'ÍMITSÍ .
Uhora ukûnda kugira Ububabare mu ngingo? Imitsi yawe irakurya ? Ufise ibibazo mu ngingo no mu mavi? Soma neza .
Rondera ibi bikurikira :
↪️ Indimu 4 🍋
↪️ Ikiyiko 1 kinini c'ifu ya Curcuma
↪️ Agatonyanga gatoyi k'ipilipili ryirabura (Poivre noir)
↪️ILitiro 1 y'amazi
↪️ Ibiyiko 3 binini vy'ubuki 🍯 (si ngombwa)
▪️ Uko Wobitegura :
👉 Kata indimu 4 mo ibice bine-bine, ubishire mw'isafuriya.
👉 Wongeremwo ikiyiko 1 kinini c'ifu ya kurukuma n'agatonyanga k'ipilipili ryirabura.
👉 S**a litiro 1 y'amazi.
👉 Bishire ku muriro, ubiteke iminota 3-4.
▪️ Uko binyobwa
↪️ Nywa ikirahure 1 mu gitondo utarafungura.
Ushobora kwongeramwo ibiyiko 3 binini vy'ubuki, ariko si ngombwa.
⚠️ ICITONDERWA:
Wirinde gutekana n'ubuki hamwe n'ivyo bindi. Nubwongeremwo ikinyobwa kimaze gukurwa ku ziko.
Gerageza kuza uranywa iki kinyobwa gushika ukize neza kuko kiravura.
Fyonda tubandanye twiga kwivura .
✴️Mu gihe ufise icubaza mu buryo bwihuse canke kuri : +25772095347 (WhatsApp ~Appel simple )
🛑 Kwinjira muri groupe WhatsApp 👇 bigufasha kumenya imiti k**a itandukanye iteguye neza wokwihereza bikakuviramwo gukira uburwayi bwawe.
Fyonda mwiyo link winjire vyoroshe 👇🏽👇🏽👇🏽
https://chat.whatsapp.com/BvKwr8IVcFjBcS4z239hFy?s=cl&p=a&ilr=4&amv=0
Votre Opérateur Social, Anthropologue-Naturopathe RUPESHI ✍️
Category
Contact the business
Telephone
Address
Avenue Du Commerce
Bujumbura
