Afurika yigenga
Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Afurika yigenga, Health/Beauty, 69115350, Bujumbura.
10/06/2026
Abegereye Kagame na mubaraka ababwire Baze gutora udukoresho twabo bibuke ko turabavandimwe batevye turaduta mumazi
Imana ishishikare kugutuza ahera mutama wacu
12/05/2026
Afrique iracafise ibibazo vyishi mugihe tugifise abarongozi bagifise ivyiyumviro bizima bavuga imigambi yoteza imbere umugabane wacu ariko ugasanga nibo nzitizi batuma tudashika kwiterambere rya African
🤷🌝Ayamajambo president wurwanda Paul Kagame yavuze ateye isoni nivyo ariko akora muri RDC
04/05/2026
Hari igihe tuba twihoreye ariko abanyarwanda bakabandanya batuvyonga.
Mbega mwoba muzi igituma Paul Kagame yagiye muri Tanzaniya kumusi wa Mungu? kucyumweru? ????
🔴 Docteur Raisi Suluhu Samia Hassan, yaronse mumisi iheze téléphone ivuye ikigali imusaba ko Rwabujindiri yoja kubatemberera bakagira ivyo bavugana😂😂😂. Samia ati" kaka yangu mbona hakuna Mda? ati musazanje weeee ko mbona atamyanya mfise? "
Rwabujindiri yagumye akomeza kumwendereza, birangira Samia Suluhu amwemereye ati" Ego uraza ariko uzoze kumusi wa Mungu, Dimanche, Sunday kuko niko kanya konyene mbona, iyindi misi iruzuye programmes zanje"
Rwabujindiri rero aho atagirira isoni aremera aragenda 😂😂😂 kuwa Mungu, maze mwitangazo yandika ko ari urugendo rw'akazi. Akazi kahe? akazi ko kuwamungu atamukozi wa Reta atonda kumirimo muri Tanzaniya ?
Ash*tse bamwicanje kukirometero 😂😂😂😂 aba arikojeje isoni 😂😂😂😂.
Muri make yari yagiye kubwira Samia ngo abwire Neva ngo ntamutere, ngo azomusororera🤣🤣🤣, Samia ati genda utekane nta Neva wanje azogutera nutamutangura.
Ntakindi cari camujanye! !!
Murabe Ruto William wa Kenya, bamwakiriye kumusi wimirimo muri Tanzaniya.
01/05/2026
UWAHOZE ARI UMUKURU W'IGIHUGU RDCONGO , NAWE YARAYE AFATIWE IBIHANO N'IGIHUGU C' .
IMPAVU NUKO YIFATANIJE N'IMIRWI IRWANA.UWAHOZE ARI UMUKURU W'IGIHUGU RDCONGO , NAWE YARAYE AFATIWE IBIHANO N'IGIHUGU C' .
IMPAVU NUKO YIFATANIJE N'IMIRWI IRWANA.
01/05/2026
😳🇰🇪🥱 Mu gihugu ca Kenya, mu gisagara ca Nairobi, ahitwa Langata, habaye ikintu gitangaje cane catumye abantu benshi bibaza ku bijanye na demokarasi n’ukwubaha indongozi.
🤵🏾♂️🗣️ Mu gihe Perezida William Samoei Ruto yariko aravuga ijambo mu bantu, hari umuntu umwe yaduze hejuru, aca amutera icupa ry’amazi ata bwoba afise.
🤔😳 Ivyo vyaciye bitangaza benshi, bamwe babifata nk’ikimenyetso c’uko hari umwidegemvyo wo kuvuga no gukora ico wiyumvira, abandi na bo babona ko ari agasuzuguro n’ukugaya ubutegetsi.
🫣😱 Abari aho barumiwe bamwe barahagarika umutima, abandi baca batangura kwibaza bati: “Mbega uku ni ko demokarasi isa? Canke ni ukwigenza nabi gusa?”
🤔😱 Ibi vyabaye vyasize abantu muri kabaza , biguma biteza impari ku mbuga ngurukanabumenyi no mu buzima busanzwe, aho buri wese atanga iciyumviro ciwe ku vyabaye.
🤷🏾♂️ Ibintu nk'ibi hari Aho wari bwabibone?
30/04/2026
🚨🚨 , mugisagara ca Bujumbura hagiye kuza 🚊( Bus ishobora gutwara abantu 300 kandi kumuvuduko munini ) , abahinga biriwe kuraba aho zizoca kuko zizisangiza amabarabara 👏🏾👇🏾🇧🇮
========================
Hagiye gutangura umugambi munini w’imihora ya “tramway” mu ntumbero kworohereza abiyunguruza
🏗️ Reta y’Uburundi iriko irategura umugambi munini wo kwubaka imihora ya kijambere y’amabisi ya tramway mu gisagara ca Bujumbura, mu ntumbero yo gutuma kwiyunguruza birushiriza kugenda neza.
🌍 Uwo mugambi uri mu murongo w’imbonakazoza y’igihugu "2040-2060" nk'uko bishikirizwa na Ir Aaron Niyungeko, arongoye ishirahamwe ANOB ryahawe isoko ryo kwubaka amabarabara ya Tramway, azoca mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura, agahurira hagati mu gisagara.
🔎 Kuri uyu wa 24 Ndamukiza 2026, ANOB ifatanije n’inzego zitandukanye za Reta yaratanguje igikorwa co gusuzuma aho ayo mabarabara azoca. Igikorwa cabandanije no kuri uyu wa 28 Ndamukiza 2026.
🏛️ Muri ico gikorwa, ANOB yari kumwe n’abaserukira ibigo vya Reta nka ARB, REGIDESO, ONATEL hamwe n’abo mu ntwaro muri Komine Mukaza, mu ntumbero yo kwerekana aho amahuriro y’umuyagankuba, intsinga za internet, hamwe n’inyubakwa zojana n'uwo mugambi zikwiye gushirwa.
===========================
🚉 Tramway iteganijwe gusahiriza mu gukosora izo ngorane :
Hategekanywa ko mu ntango hazobanza hakubakwa zibiri : iya mbere izova Carama igashika mu Kanyosha (17 km)
Iya kabiri, Mirango (Rond-Point) gushika Kajaga (17 km)
Iya gatatu izokwubaka mu nyuma yova mu gisagara hagati ija ku kibuga c’indege (+4 km)
🚋 Buri modoka ya tramway izoshobora gutwara abantu bashika 300, ifise uburebure bw'imetero 33, kandi ikazogenda ku muvuduko uri hagati y'ibirometero 50 na 70 km/h. Izokoresha umuyagankuba utangwa na REGIDESO.
MBAYAHAGA avuze ku BIRWANISHO bivurwa k'u BURUNDI bwahawe kugira butere u RWANDA//Intambara yateguwe
29/04/2026
Burundi: Hagiye gutunganywa umugambi w'imyaka itanu ku rwego rw'umugambwe CNDD-FDD
Mu nama ya Komite nkuru y'Umugambwe CNDD-FDD yabaye Ku magenekerezo ya 24 na 25 Ndamukiza 2026, harafunditswe ingingo ngenderwako mu ntumbero yo gushira mu ngiro imbonakazoza y'Uburundi igihugu cifashe mu 2040,Uburundi, Igihugu gitey'imbere mu 2060.
Mw'izo ngingo,Komite nkuru y'Umugambwe CNDD-FDD yafunditse ko hagiye gutanguzwa umugambi uzohora umara imyaka itanu kugira ngo vyorohe gukurikirana iyo migambi ntihere mu nyandiko gusa.
Umunyamabanga mukuru w'umugambwe CNDD-FDD Révérien NDIKURIYO yatanguje icese , Kur'uyu wa 29 Ndamukiza,ibikorwa vy'abahinga bakurikirana ubutunzi n'iterambere.
Umugambwe CNDD-FDD mw'uwo mugambi ukaba ufise intumbero yo guhindura ingene abantu basanzwe babayeho(Guhindura imibereho hisunzwe imbonakazoza).
Uwo mugwi w'abahinga ukaba usabwa kwerekana ibikorwa vyihutirwa n'aho uburyo bwova ndetse n'ikirangamisi(Calendrier) c'ishirwa mu ngiro ry'ivyo bikorwa.
Mw'iyo nama, Umunyamabanga mukuru w'umugambwe CNDD-FDD akaba yasavye uwo mugwi w'abahinga kunyarutsa ibikorwa bajejwe nk'uko icivugo kibitomora:"Amajambo make ,ibikorwa vyinshi."
Umunyamabanga mukuru w'umugambwe CNDD-FDD akaba yamenyesheje ko ivyo bazoba bash*tseko mw'uwo mugambi bazobisangiza urwego nshingwabikorwa rwa Leta kugira ngo bishirwe mu nteguro z''ibikorwa vy'igihugu.
Mwomenya ko ivyo bikorwa vy'umugwi w'abahinga mu bijanye n'ubutunzi n'iterambere bigiye kubandaniriza mu migwi hisunzwe ubumenyi bwa bamwe bamwe n'ubuhinga bafise mu bisata vyose vy'ubuzima bw'igihugu mu kiringo c'imyaka itanu(2026-2031).
27/04/2026
💥⚠️⛔BIRIHUTIRWA ,BIRIHUTIRWA ‼️
AMBASADE Y' IKORERA PRETORIA MURI AFRIKA YEPFO ,YARAYE ITEYE AKAMO 🇧🇮 BOSE BABA MURI AFRIKA YEPFO IBASABA KUGUMA MU MAZU NABOBA BAFISE IVYANGOMBWA KO BOHUNGA AHARI .
BAMENYESHEJE KO HASUBIYE ITOTEZWA RY' BABA MURIICO GIHUGU KANDI KO BIGIYE GUKWIRA NO MUBINDI BISAGARA.
BAMENYESHEJE BOSE KO UY'UMUNSI IGENEKEREZO RYA 27 GUSHIKA IGENEKEREZO RYA 29 HOHO RERO HAGIYE KUBA IBINTU BITARI BWABONEKE MURI ICO GIHUGU.
BASAVYE KO HOGIRA UWUSHIKIRWA NIVYO BIBAZO KWANDIKA KURI I MAIL : [email protected] CANKE BAKAKURA KURI WHATSAPP +257 62 654 619 canke +27 738 981 471.
IRYO TANGAZO MURIHE UMURUNDI WESE ARI MURI AFRIKA YEPFO CANE MURI IZI NTARA :
, N ' AHANDII..
AHO BAVUZE INTARA GUSA IBISAGARA VYOVYO NI VYINSHI
Click here to claim your Sponsored Listing.
Category
Website
Address
69115350
Bujumbura
